Uko wahagera

Perezida Macron Ahamagarira Abanyagihugu Biwe mu Biganiro


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo, ku ngoro ya champ Elysee i Paris, mu Bufaransa, italiki 11/01/2019.
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo, ku ngoro ya champ Elysee i Paris, mu Bufaransa, italiki 11/01/2019.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron asaba itunganwa ry’ibiganiro ku bibazo bitari bike bihanze igihugu ciwe, vyatumye hanaba imyiyerekano yiyamiriza reta yamaze igihe kitari gito. Ni mu rwandiko yashikirije Abafaransa ejo kuw’Imana.

Macron ategekanya gutunganya ibiganiro mu gihugu cose mu ndwi umunani ziri imbere.

Bimwe mu bibazo yiteguye kuganirako n’abanyagihugu vyerekeye amatagisi, ibisata nkenerwa amafaranga ya reta akwiye gutumberezwamwo, ibibazo vy’ibidukikije hamwe n’abimukira.

Ariko mu gihe avuga ko yiyuguruye kuvugana ku bibazo vyose, ikibazo c’uburenganzira bw’abimukira basaba ubwenegihugu mu Bufaransa ntikizoshirwa ku meza y’ibiganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG