Uko wahagera

Ubulaya Burashobora Guhindura Ivyavuye mu Matora muri Kongo?


Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Jean Yves Le Drian

Amakenga abandanya yiyongera mu bihugu vyo mu burengero bw’isi, inyuma y’itangazwa ry’ivyavuye mu matora muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Ubufaransa buvuga ko ivyatangajwe bidahuye n’ivyari vyitezwe, nayo Ububiligi bwahoze bukoloniza Kongo butegekanya kuduza iki kibazo mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa gatanu.

Lisa Bryant, umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika i Paris mu Bufaransa ashikiriza ko umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Jean Yves Le Drian yatangaje ko ivyashikirijwe na CENI bidahuye n’ivyavuzwe na Ekleziya katolika muri Kongo.

Ekleziya Katolika ishikiriza ko ivyatangajwe bidahuye n’ibizwi n’indorerezi zayo. Katolika ntitangaza uwatsinze, ariko ivuga ko kuvyo baharuye umukandida w’umugwizatunga atavuga rumwe na reta, Martin Fayulu aza kw’isonga.

Mu ndwi iheze, Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu bifise ijunja mu makungu vyabwiye umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Kongo gutangaza ibiharuro nyakuri, atari uko bazokwemera ingaruka zavyo.

Amerika yaramaze gutegura abasirikare bayo mu gihugu ca Gabon, bazokingira inyungu zayo kandi yahanuye abanyamerika kuva muri Kongo kumvo z’umutekano wabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG