Uko wahagera

Igisirikare ca Amerika Carishe aba Al-Shabab 6 muri Somaliya


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika i Mogadisho, Somaliya, Italiki 10/12/1992

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika carishe abarwanyi batandatu ba al-Shabab muri Somaliya, mu gitero c’indege kigira kane muri iyi ndwi, nkuko bishikirizwa n’ibiro vy’igisirikare ca Amerika ku mugabane wa Afrika (AFRICOM).

Igitero ca nyuma bagikoze ku musi wa kabiri mu ntara ya Bay, gisambura imodoka, nkuko umutegetsi wa AFRICOM yabibwiye Ijwi rya Amerika. Yavuze ko ata basivile bapfiriye muri ico gitero.

Ku musi wa mbere, igisirikare ca Amerika cavuze ko cakoze ibitero bibiri muri Somaliya, vyishe intagondwa za al-Shabab zine, bariko bakingira abasirikare ba Somaliya bari mu mirwano na al-Shabab.

AFRICOM yavuze ko ikindi gitero c’indege co ku musi w’Imana cishe aba al-Shabab batandatu hafi y’igisagara ca Dheerow Sanle mu ntara ya Lower Shabelle, ikindi gitero co muri uku kwezi kwa mbere italiki 2 cahitanye abarwanyi 10 muri ako karere nyene.

Kubwa AFRICOM, igisirikare ca Amerika cagavye ibitero vy’indege 47 muri Somaliya mu mwaka uheze, ibitero 35 muri 2017, vyose vyahitanye abarwanyi baharurwa mu majana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG