Uko wahagera

Australiya Irashobora Guha Ubuhungiro Umwigeme Yahunze Arabiya Sawudite


Rahaf Mohammed al-Qunun ari ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Bangkok. Itariki 07/01/2019
Rahaf Mohammed al-Qunun ari ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Bangkok. Itariki 07/01/2019

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi, HCR kivuga ko kiriko kiratohoza ivyerekeye umwigeme w’imyaka 18 yamuka muri Arabiya sawudite yahungiye muri Thailand ubu akaba acungiwe mu cumba c’ihoteli ku kubuga c’ingene i Bangkok.

Rahaf Mohammed al-Qunun yashitse i Bangkok kuwa gatandatu w’indwi iheze avuye muri Koweit ahunze umuryango wiwe, avuga ko ushobora kumwica mu gihe yosubizwa muri Arabiya sawudite.

Guiseppe de Vincentiis, aserukira HCR muri Thailande, yavuze ko bishobora gufata iminsi itari mike yo kwiga ivy’uyo mwigeme imbere yo gufata izindi ntambuko.

Al-Qunun ashikiriza ko yipfuza kuja no gusaba ubuhungiro muri Australiya.

Reta ya Australiya yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa ejo kuwa kabiri ko inezerejwe no kwumva al-Qunun ari mu minwe ya HCR kandi ko igiye kugira ico ishikirije mu gihe HCR yoheza ibikorwa vyayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG