Uko wahagera

Urubibe Hagati ya Gabon na Kameruni Rurugawe


Abasirikare ba Gabon

Igihugu ca Gabon carugaye urubibe gihana na Kameruni kuva kuwa mbere aho habereye gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa perezida Ali Bongo, ivyatumye guhanahana ibidandazwa hagati y’ivyo bihugu bibiri bihagarara.

Ibidandazwa hamwe n’ingenzi vyategerezwa kwinjira muri Gabon biracugariwe mu gisagara ca Kiossi, ku ruhande rwa Kameruni.

Reta ya Gabon ishikiriza ko iyo ngingo yafashwe kugira bacungere umutekano w’abanyagihugu, nkuko bamwe mu badandaza bavuze ko babibwiwe na reta.

Mu gitondo co ku musi wa mbere, abasirikare barwanya reta bifatiye televiziyo y’igihugu batangaza ko intumbero yabo ari ukugarukana demokarasi.
Ariko ku mugoroba reta ya Gabon yatangaje ko ifashe ibintu mu buryo kandi abasirikare indwi bari muri uyo mugambi barafashwe. Abasirikare ba reta kandi barishe abasirikare babiri mu bashatse gutembagaza ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG