Uko wahagera

Trump: Amerika Ifise Umutekano Muke ku Rubibe na Mexique


Perezida Trump ashikiriza ijambo Abanyamerika muri White House, Italiki 08/01/2018
Perezida Trump ashikiriza ijambo Abanyamerika muri White House, Italiki 08/01/2018

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yashikirije ko hari ibibazo bifatiye ku buzima bw’abanyagihugu hamwe n’umutekano muke vyiyongereye ku rubibe rwo mu bumanuko Amerika ihana na Mexique.

Yabishikirije mw’ijambo rya mbere yashikirije ari mu biro vyiwe, ryakurikiranwe ikibiriraho ku mateleviziyo mu masaha Abanyamerika benshi baba bari mu mihana yabo.

Muri iryo jambo ryamaze iminota icenda, Trump ntiyavuze ko igihugu kiri mu bihe bikomeye vy’umutekano muke nkuko yari amaze imisi abivuga, aho yemeje ko afise uburenganzira bwo kwubaka uruzitiro kongere atarinze kubisaba Kongere.

Yavuze ko mu gihe abanyamerika benshi babangamiwe n’ico yise ukutagenzura abimukira binjira batubahirije amategeko, Trump yavuze ko abanyamerika b’abirabure hamwe n’abandi banyamerika bafise amamuko muri Amerika y’ubumanuko aribo ba mbere mu kugira ingaruka zo gutakaza ubuzi.

Yakoresheje amajambo "uruzitiro" hamwe n' "uruhome" igihe yongera gusaba kongere imiliyaridi 5.7 z’amadolari yo kwubaka urwo ruzitiro avuga ko bikwiye gushimisha abademokrate.

Mu nyishu bahaye Trump ku ruhande rw’abademokrate, umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi yamwagirije gukoresha amajambo y’ubwoba aho kurondera umuti wumvikanwe ku mpande zose.

Umukuru w’abademokrate muri Sena, Chuck Schumer nawe yavuze ko uruhome rudakenewe. Yagirije Trump avuga ko igihugu kiri mu bihe vy’umutekano muke aho gutorera umuti ibibazo biri muri reta yiwe, igitohozwako ko hoba hari abakoranye n’Uburusiya mu kwivanga mu matora.

Perezida Trump ategekanya kugira urugendo ku rubibe rwo mu bumanuko Amerika ihana na Mexique ku musi wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG