Ubufaransa butegekanya guhasha bikomeye abakora imyiyerekano batisunze amategeko, vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Edouard Philippe ku munsi wa mbere.
Philippe yavuze ko hari amategeko ariko arategurwa azoba ameze nk’ayakoreshwa ku bagumuka mu bibuga vy’umupira w’amaguru babuzwa kwinjira mu ma stade igihe baboneka ko ari intambamyi ku mutekano.
Amenyesha kandi ko abazogira ivyo bonona nko gusanzaza ivyo basanze mu nyubakwa bazosabwa kubiriha.
Imyiyerekano yiyamiriza reta y'Ubufaransa yabaye ku musi wa gatandatu yatanguye mu mutekano, ariko mu nyuma ihindukamwo ubugizi bwa nabi aho bamwe mu bari muri yo baturiye amapikipiki n’amazu y’uburiro bongera batera ibisigarira ku bapolisi.
Iyo myiyerekano ikorwa n’abitwa Gillets Jaune mu Bufaransa yatanguye mu kwezi kwa cumi na kumwe biyamiriza itegeko reta yashizeho riduza amatagisi ku gitoro, mu nyuma ihinduka iyiyamiriza reta muri rusangi.
Facebook Forum