Uko wahagera

Trump Aremeza ko Atazokwivuguruza ku Mafaranga Asaba muri Reta


Perezida Donald Trump
Perezida Donald Trump

Iyindi ndwi y’ibikorwa iratangura kuri uyu uyu wa mbere muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ariko ibihumbi vy’abakozi ba reta bo bagumijwe mu ngo zabo kuko imirimo ya reta yahagaritswe.

Bamwe muri bo muri iyi ndwi barongera gutonda ku kazi, ariko batitezi guhembwa.

Perezida Donald Trump yashikirije ejo kuw’Imana ko atahura ibihe bitoroshe barimwo vyo gukora batiteze guhembwa, ariko abasaba kuraba ingene bokwifata kuko atazemera ko reta yugurura adahawe imiliyaridi zitanu z’amadolari asaba zo kwubaka urukuta ku rubibe Amerika ihana na Mexique.

Ibiganiro vyahuje ejo kuw’Imana abategetsi mu biro vya perezida White House, barimwo icegera c’umukuru w’igihugu Mike Pence, hamwe na bamwe mu bafasha mu nama nshingamateka kur’ico kibazo c’urukuta ntaco vyavuyemwo, ariko Trump avuga ko umwumvikano ushobora kuboneka mu minsi mike iri imbere.

Abakozi ba reta bashika ibihumbi 800 bararungitswe iwabo, aba nkenerwa cane nabo bariko barakora badahembwa muri iyo misi imirimo ya reta yahagaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG