Uko wahagera

Abakenyezi muri Arabiya Sawudite Barabandanya Gusubizwa Agateka


Abagore muri Arabiya Sawudite
Abagore muri Arabiya Sawudite

Abakenyezi bo muri Arabiya Sawudiye bagiye kugarukirwa mubijanye n’agateka kabo, aho abagabo mur’ico gihugu batacemerewe kwahukana abagore babo batabimenyeshejwe.

Kuva ejo ku musi w’Imana, amasentare azosabwa kumenyesha umugore ko umugabo yahawe uburenganzira bwo kwahukana, ingingo ije ikuraho umugenzo wariho aho abagabo bahukana batabimenyesheje abagore babo, ndetse bakanka no gufasha abana baba baravyaranye.

Iki ni kimwe mu mpinduka ziriko ziraha umukenyezi w’umuyisilamu ubwigenge burenze.

Mu mwaka uheze, abakenyezi muri Arabiya Sawudite barahawe uburenganzira bwo kugendesha imodokari, mu yindi myaka imbere y’aho bemerewe kuja mu mahiganwa y’imikino, gutora mu matora hamwe no gukora imirimo yinjiza amafaranga mu muryango.

Ariko amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko impinga ikiri ndende mu gihe abagore bataremerwa kuresha, gufata ingingo yo kwahukana, kugira ingendo hamwe no kuvurwa umugabo atavyemeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG