Uko wahagera

USA: Inama Nshingamateka Yemeje Kwugurura Imirimo ya Reta


Inama nshingamateka nshasha ya Amerika mu bikorwa vyayo vya mbere.
Inama nshingamateka nshasha ya Amerika mu bikorwa vyayo vya mbere.

Inama nshingamateka nshasha yiganjemwo abademokrate ihejeje kwemeza amategeko abiri, rimwe ryugurura imirimo ya reta, irindi riha amafaranga ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu azobushikana mu ntango z’ukwezi kwa kabiri.

Ariko muri ayo mategeko abiri nta na rimwe ririmwo imiliyaridi 5 z’amadolari perezida Trump asaba yo kwubaka uruzitiro ku rubibe rwo mu bumanuko rw’igihugu Amerika ihana na Mexique. Ariko naho bir’uko bisa nuko Abarepublikani biganje muri sena bataryemeza, eka na Trump nta cizere ko arishirako umukono.

Kubwo Abademokrate, Imvo y’aya mategeko ni ukugurura ibikorwa vya reta mu gihe bazobandanya baganira ikibazo c’uruzitiro mu nyuma.

Perezida Donald Trump yatumyeko indongozi z’abashingamateka mu migambwe yose uko ari ibiri mu mubonano ejo kuwa gatanu ugamije kuraba ingene ibikorwa vya reta bigira bimare indwi zitatu vyarahagaritswe vyosubira gutangura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG