Uko wahagera

Papa Asaba Abepiskopi Katolika muri Amerika Kwunga Urunani


Papa Francis
Papa Francis

Umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Francisiko yasavye abepiskopi Katolika bo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kugira urunani nimba bagomba ko Ekleziya igarukana ubwizigirwa, inyuma y’igihuhusi c’ivyaha bifatiye ku gitsina cayihungabanije.

Yabishikirije mu rwandiko yasohoye kw’italiki ya 1 y’ukwezi kwa mbere, ishirwa ahabona ejo ku musi wa kane.

Ibi abivuze mu gihe hasigaye indwi nkeyi ngo habe inama ihuza abepiskopi katolika bo kw’isi yose izobera i Vatican.

Abahohotewe n’ivyo vyaha barashima iyo nama yatumweko na Papa, bizeye ko izovamwo ingingo zizotuma abarongozi ba Ekleziya badasubira kwitwara nabi igihe ivyaha nk’ivyo vyongeye kugaragara.

Ivyaha bifatiye ku gitsina vyaravuzwe cane muri Ekleziya Katolika muri Amerika mu mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG