Uko wahagera

OIM: Abimukira 769 Barapfiriye mu Nzira mu Mwaka wa 2018


Ibitigiri vy’abimukira bavuye muri Afrika berekeza muri Espanye baciye mw’ibahari Mediterane vyariyongereye mu mwaka uheze wa 2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, rishikiriza ko Espanye yakiriye abantu 57,250 kuva mu ntango z’umwaka gushika kw’igenekerezo rya 26 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, ku rugero rw’160 ku musi.

Ibitigiri vy’abapfuye navyo vyariyongereye cane mur’ico kiringo nyene, abimukira 769 barapfuye, biyongereye incuro zitatu ugereranije n’umwaka wa 2017.
Iyongerekana ry’abimukira bashika muri Espanye ryatewe n’iyugarwa ry’ibivuko vya Malta n’Ubutaliyano, hamwe n’amasezerano yabaye hagati y’ubumwe bwa Bulaya na Turukiya yo gufata ubwato bw’abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG