Uko wahagera

Imirimo ya Reta y'Amerika Imaze Imisi 12 Ifunze


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yasubiye gusaba uno musi ku wa gatatu ko amafranga avuye mu makori y’abanyagihugu ariha ku nkengera z’urubibe n’igihugu ca Mexique.

Prezida Trump arabonana n’abayobozi b’imigambwe y’Abarepublika n’Abademokrate b’inama nshingamateka na nkenguzamateka kugira baganire ku vyo asaba vy’ugutanga amafranga agenewe uruhombe ku rubibe na Mexique. Ni mu gihe atashoboye kwumvikana n’abademokrate ku vyerekeye ayo mafranga. Ivyo vyatumye ica kane c’imirimo ya Reta yugara mu kiringo c’imisi 12.

Ibiganiro vya Prezida Trump n’abayobozi ba Kongre y’Amerika bibaye umusi umwe imbere yuko abademokrate batavuga rumwe nawe bashikira ubuyobozi bw’inama nshingamateka.

Kubera iyugarwa ry’imwe imwe mu mirimo ya reta, abakozi ba Reta y’Amerika ibihumbi 800 babwiwe kuguma imuhira canke kubandanya bakora badahembwa gushika ico kibazo gitorerwe inyishu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG