Uko wahagera

RDC: Prezida Kabila Yemeza ko Ata Mpamvu Yohagarika Amatora


Prezida wa Republika iharanira demokrasi ya Kongo Joseph Kabila
Prezida wa Republika iharanira demokrasi ya Kongo Joseph Kabila

Prezida wa Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Joseph Kabila, avuga ko ata zindi mpamvu zihari zotuma amatora y’umukuru w’igihugu yo ku musi w’Imana ataba.

Ivyo ni inyuma yuko amatora asibishijwe mu kiringo c’imyaka ibiri. Yamara Prezida Kabila asigura ko ingingo yo ku munuta wa nyuma y’ukwigizayo amatora mu turere twa Beni na Butembo yatumwe n’ukwiyadukiza kw’ikiza ca Ebola.

Mu kiganiro yagiranye n’iterorokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press, Prezida Kabila yavuze hamwe abanyagihugu muri ivyo bice bibiri vyasinzikajwe n’ikiza ca Ebola botora ku musi w’Imana, ivyo vyogira inkurikizi zikomeye cane. Avuga ko umuntu umwe ashobora kwanduza abandi bantu amajana n’amajana.

Ivyatangajwe na Prezida Kabila ku musi wa kane ku muhingamo vyari bitandukanye n’ivyamenyeshejwe n’abategetsi bajejwe amagara y’abantu. Batangaje ko ingingo zafashwe babifashijwemwo n’abategetsi bajejwe amatora kugira abantu bashobore gutora mu turere twa Beni na Butembo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, naryo nyene ryatangaje ko ingingo zafashwe mu gukaraba hakoreshejwe isabuni ikura imicafu mu ntoke hamwe n’ugusuzuma abatora bose bazoba bariko binjira mu bibanza vy’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG