Uko wahagera

Trump Yaragendeye Ingabo za Amerika muri Iraki


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump muri Iraki

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’umutambukanyi wiwe Melania Trump baragendeye abasirikare ba Amerika bari muri Iraki mw’ibanga.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya perezida, White House, Sarah Sanders yavuze ko bagiye muri Iraki mw’ijoro ryo kuri Noheli kugendera abasirikare ba Amerika n’indongozi zabo kubashimira ku bikorwa vyabo, n’ukwitanga kwabo kandi yabipfurije Noheli.

Uru rwabaye urugendo rwa mbere akoze nka perezida mu karere karimwo intambara.

Trump nta mutegetsi n’umwe wa Iraki babonanye muri urwo rugendo rwiwe, ariko yaravuganye kuri telefone n’umushikiranganji wa mbere Adel Abdul-Mahdi.

Kugendera abasirikare ba Amerika bari ku rugamba ni umugenzo ku bakuru ba Amerika aho baja kubaremesha. Ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi buvuga ko hari abasirikare ba Amerika bahakwa gushika ku 5,200 muri Iraki.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG