Uko wahagera

Siriya Izomera Gute Abasirikare ba Amerika Nibatahuka?


Ikarata ya Siriya n'ingene yagabanganijwe n'abafise uruhara mu ntambara, itariki 18/12/2018.
Ikarata ya Siriya n'ingene yagabanganijwe n'abafise uruhara mu ntambara, itariki 18/12/2018.

Ibihugu n’imihari ifise uruhara mu ntambara muri Siriya no hanze y’aho baratanguye gutunganya abasirikare babo mu gihe ibiganiro vy’ingene bazokora abasirikare ba Amerika bavuye mu gihugu bikibandanya.

Uruja n’uruza rw’abasirikare, hamwe n’ibiganiro vya kidipolomasiya vyarabandanije ejo kuwa mbere, umunsi nyene ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Amerika bwamenyesheje ko umushikiranganji aburongoye, Jim Mattis yategetse ko abasirikare ba Amerika batangura kuva muri Siriya, ata nsobanuro nyinshi atanze.

Perezida wa Amerika, Donald Trump yashikirije ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter kuw’Imana ko we na perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan bavuganye kuri telefone, kandi ko abasirikare ba Amerika bagiye gutaha bukebuke kandi mu buryo buteguwe neza.

Umuvugizi wa Erdogan yavuze ejo kuwa mbere ko abategetsi mu gisirikare ca Turukiya bashobora kubonana na bagenzi babo ba Amerika mu mpera z’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG