Uko wahagera

Muri Barcelone Bakeka Igitero c'Iterabwoba mu Misi Mikuru


Abaporisi muri Barcelone mu bikorwa vyo kugenzura uruja n'uruza rw'abantu, inyuma y'amakuru ko hashobora kuba igitero c'iterabwoba, italiki 24/12/2018.

Abaporisi barwijwe mu bice bimwe vy’igisagara ca Barcelone muri Espanye inyuma y’aho ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu bugabishirije ejo kuwa mbere ko hashobora kuba igitero c’iterabwoba muri ibi bihe vy’imisi mikuru ya Noeli no kurangiza umwaka.

Igiporisi muri ako karere ka Barcelone cakomeje umutekano, cane cane ku ma bus no mu buryo bwo kwiyunguruza bw’abantu benshi mu gice ca Las Ramblas. Las Ramblas, ni igice kigenderwa cane na bamukerarugendo, niho umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wagavye igitero mu kwezi kwa munani 2017 cahitanye abantu 14.

Umushikiranganji wa Espanye w’intwaro mu gihugu yashikirije ko umutekano mu gihugu ku gitero c’iterabwoba wongerejwe gushika ku rugero rwa kabiri, kuva mu mwaka wa 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG