Uko wahagera

Impanuka y'Indege Yahitanye Batandatu muri Kongo


Indege yo mu bwoko bw'Antonov
Indege yo mu bwoko bw'Antonov

Abantu 6 barapfuye ejo ku musi wa kane mu mpanuka y’indege ya Antonov 26 yari yakodeshejwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatora muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, CENI.

Nta muntu numwe yarokotse mu mpanuka y’indege Antonov 22 yo ku musi wa kane. Impamvu z’iryo sanganya ntiziramenyekana. Bivurwa ko ikirere kitari kimeze neza igihe iyo mpanuka yaba.

Iyo ndege yagize iryo sanganya iriko yururuka hafi y’ikibuga c’indege ku murwa mukuru, Kinshasa. Yari ihejeje gutanga ibikoreshso vy’amatora ahitwa Tshikapa hagati mu gihugu. Umuvugizi w’urwego CENI yabitangaje, asigura ko ivyo bikoresho vyaza vyashitse aho vyari bigenewe.

Ku musi wa kane urwego CENI rwatangaje iyigizwayo ry’amatora yari ategekanijwe kuba kw’italiki 23 z’uku kwezi kw’icumi na kabiri. Ayo matora azoba kw’italiki 30 z’uku kwezi. Urwego CENI rwatanze insiguro ku ngingo yarwo kubera ingorane z’ ibikoresho zibonekeje ku murwa mukuru, Kinshasa

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG