Abakozi bashika 700 ba Ekleziya Katolika muri Reta ya Illinois muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bagirizwa ivyaha bifatiye ku gitsina bakoreye abana. Ivyo ni ibiharuro vyashizwe ahabona n’umushingwamanza mukuru w’iyo reta ejo kuwa gatatu.
Uwo mutegetsi, Lisa Madigan yavuze ko Ekleziya yari yatanze igitigiri c’185 ariko inyuma y’amatohoza ubutungane bwatanguye mu kwezi kw’umunani, ubutungane bwo bwashitse ku bashika 700.
Aya matohoza yo muri reta ya Illinois abaye inyuma ya raporo yasohowe mu kwezi kwa munani aho abapadiri barenga 300 muri reta ya Pennsylvaniya bagirijwe ivyaha bifatiye ku gitsina vyakorewe abana barenga 1000, bimara imyaka n’iyindi vyaragizwe ibanga.
Facebook Forum