Uko wahagera

Uganda: Abantu 19 Barapfuye mw'Isanganya y'Imodokari


Ikarata ya Uganda
Ikarata ya Uganda

Abakozi bashika 19 b’ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike barapfuye, abandi batandatu barakomereka ejo kwa kabiri, igihe imodokari barimwo yata ibarabara iseka igitandara c’ibuye mu buseruko bwa Uganda, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi.

Umuvugizi w'igiporisi, Rogers Taitika yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, ko iyo modoka yarimwo abakozi b’ishirahamwe ry’abanyamerika bari bagiye mu musi mukuru wo kwigina umwaka, igihe yagira isanganya hafi ya Sipi, ku bilometero 300 mu buseruko bw’umurwa mukuru Kampala.

Uganda gifise kahise kabi mu masanganya y’imodokari mu mabarabara, bivanye n’imiduga ishaje hamwe n’amabarabara mabi.

Abantu barenga 9.500 barapfuye mu masanganya mu mabarabara muri ico gihugu hagati y’imyaka ya 2015 na 2017, nkuko ibiharuro vyatanzwe n’ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu mu bihugu bivyerekana, kandi ngo uko umwaka ugenda birayangara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG