Uko wahagera

Etiyopiya Catahuye Abasilikare Bari ku Mupaka na Eritereya


Ikarita ya Etiyopiya

Abategetsi b’igisirikare ca Etiyopiya batangaje uno musi ku wa gatanu ko bagiye gukura inteko zabo ku rubibe n’igihugu ca Eritereya. NI inyuma y’amezi atari make ivyo bihugu bibiri bigiraniye amasezerano y’amahoro.

Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi yaragize intambwe zikomeye cane. Abategetsi ba Etiyopiya bavuga ko bitagikenewe ko bagumiza inteko mu bice biri ku rubibe na Eritereya. Yamara ntibamenyesheje igitigiri c’inteko zizovanwa kuri urwo rubibe.

Ibihugu vya Etiyopiya na Eritereya vyarahagaritse imishamirano yari ku rubibe bihuriyeko. Ivyo bihugu vyarasubiye kugirana imigenderanzire muri uyu mwaka inyuma y’uko bitanye mu mitwe hagati y’umwaka w’i 1998 n’uw’i 2000.

Amashirahamwe y’abagira neza avuga ko abantu ibihumbi n’ibihumbi binjiye muri Etiyopiya bavuye muri Eritereya kuva ico gihe. Bamwe muri bo bagereye mu mihana iri mu buraruko bw’igihugu.

Etiyopiya ni co gihugu gitanga abasirikare benshi cane mu bikorwa vy’inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zijejwe gucungera umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG