Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Centrafrika yarahagaritswe ejo kuwa gatatu mu Bufaransa ku vyaha vyo mu ntambara yagirizwa ko yakoze muri Centrafrika.
Ubucamanza bwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI buvuga ko Patrice-Edouard Ngaissona, yari umutegetsi mukuru w’umuhari witwaje ibirwanisho anti-Balaka.
CPI yavuze ko uwo mutegetsi w’uwo muhari ushingiye kuvyiyumviro rukristu, Ngaissona akekwako ivyaha vyo mu ntambara, ivyaha bihonyanga agateka ka muntu birimwo ubwicanyi, guhonya abantu, kunyuruza, gutoteza, kubobera igufa, gutera abanyagihugu batitwaje ibirwanisho, hamwe no kwinjiza abana mu muhari wiwe w’abarwanyi.
Uwundi mutegetsi w’uwo muhari w’aba anti-Balaka, Alfred Yekatom, yarungitswe muri CPI mu kwezi guheze.
Umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha Fatou Bensouda yavuze ko ariko aratohoza ku mpande zose zifise uruhara mu ntambara muri centrafrika ariko gushika ubu nta n’umwe wo mu bo mu muhari Selaka aragirizwa icaha ku mugaragaro.
Facebook Forum