Uko wahagera

Ba Cardinal Babiri Begereye Papa Bahanwe


Cardinal Francisco Javier Errazuriz yamuka muri Chili, mu nkuka y'imisa i Vatican, itariki 13/04/2013.
Cardinal Francisco Javier Errazuriz yamuka muri Chili, mu nkuka y'imisa i Vatican, itariki 13/04/2013.

Aba Cardinal babiri bagirizwa ivyaha bishingiye ku gitsina barakuwe mu kanama kegereye Papa Fransisiko, nk'uko vyashikirijwe na Vatikano ejo kuwa gatatu.

Cardinal w’umunya-Australiya, George Pell, hamwe n’umunya-Chili Francisco Javier Errazuriz ntibazongera kurangura amabanga mu kanama k’aba cardinal icenda begereye Papa. Vatikano yavuze ko papa yandikiye abo bagabo babiri mu kwezi kwa cumi kandi arabashimira kuvyo bakoze.

Pell yagirizwa ivyo vyaha muri Australiya, aho akiriko arakurikiranwa n’ubutungane. Yarahakanye ivyo yagirizwa. Ariko azobandanya amabanga y’umunyakigega i Vatikano, ikibanza gikomeye kiza ubugira gatatu muri Ekleziya Katolika y’i Roma.

Errazuriz nawe yagirizwa gupfukira ivyaha vy’ubusambanyi igihe yari umwepiskopi i Santiago. Nawe yarahakanye ivyo yagirizwa.

Vatikano yatangaje ejo kuwa gatatu ko uwugira gatatu muri ako kanama k’aba cardinal icenda nawe agiye kuzokavamwo. Laurent Monsengwo Pasinya, w’imyaka 79, wo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nta vyaha bishingiye ku gitsina yagirizwa mw’ishengero.

Nta n’umwe muri abo ba Cardinal bavuye muri ako kanama bazosubirizwa.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG