Uko wahagera

Abaganira Bemeye Gusubizanya Imbohe z'Intambara muri Yemeni


Abari mu biganiro bihuza abarwana muri Yemeni
Abari mu biganiro bihuza abarwana muri Yemeni

Impande zibiri ziri mu biganiro vy’amahoro kuri Yemeni zaremeranije guhanahana imbohe z’intambara zirenga ibihumbi 15 ku mpande zose hagati y’ukwezi kwa mbere.

Intumwa zaserukiye reta ya Yemeni ishigikiwe na Arabiya Sawudite n’aba Houti bayirwanya bashigikiwe na Irani barahanye intonde bavuga ko uruhande rwose rufise, intambwe abategetsi ba ONU bavuga ko ishimishije.

Komite mpuzamakungu Croix Rouge izogenzura iryo hanahana ry’imbohe.

Amakuru ava mu ba diplomate avuga ko ku musi wa kane umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres azokwitabira umusi wa nyuma w’ivyo biganiro biriko bibera mu gisagara Rimbo, mu Buswede, gutera intege izo mpande ziganira no guhamagarira ikindi gice c’ibiganiro mu ntango z’umwaka wa 2019.

Intambamyi ikomeye mur’iki gihe ni kurwanira igisagara ca Hodeida kiri mu minwe y’abarwanya reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG