Uko wahagera

Bresil: Abantu Bane Bishwe Barashwe muri Katedrale Gatolika


Impuzi yuzuye amaraso iri hanze ya katedral Katolika aho umugabo yitwaje inkoho yarashe abantu i Campinas, Brezil, italiki 11/12/2018

Umuntu yitwaje inkoho yararashe muri Catedral y’i Campinas, muri Brazil ejo kuwa kabiri, yica abantu bane akomeretsa abandi bane imbere yuko yiyica.

Igiporisi ntikiratangaza izina ry’uwarashe. Abategetsi b’iyo cathedral bavuga ko nabo batamuzi kandi batazi n’imvo yamutumye gukora iryo bara.

Campinas ni igisagara kiri ku bilometero ijana mu buraruko bwa Sao Paulo.

Naho Brezil gisanzwe kizwi nk’igihugu cicwamwo abantu benshi, nkuko ibiharuro bishikirizwa na ONU bivuga, ubwicanyi bwo kurasa abantu kivunga nk’ubwo ntibukunze kuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG