Uko wahagera

Ubufaransa: Macron Aremera Uruhara Rwiwe mu Vyateye Imyiyerekano


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo abanyagihugu, inyuma y'imyiyerekano imaze indwi zine mu gihugu, ku ngoro ya Elysee, i Paris. Italiki 10/12/2018
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo abanyagihugu, inyuma y'imyiyerekano imaze indwi zine mu gihugu, ku ngoro ya Elysee, i Paris. Italiki 10/12/2018

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron yari aciye bugufi kandi asa n’uwihagazeko igihe yariko ashikiriza ijambo ku gihugu ubwa mbere ku myiyerekano yahungabanije igihugu.

Yagize ati: "Ndemeye uruhara rwanje mu vyabaye. Nshobora kuba hari abo amajambo yanje yababaje," Ivyo Macron yabishikirije ejo kuwa mbere.
Yaremeye kandi ko itegeko ryo kuduza amatagisi itabaye ingingo nziza.

Ariko Macron yavuze ko iryo shavu rimaze indwi ziheze ari ingaruka ku bibazo abanyagihugu bari bamaranye imyaka 40, cane cane, abataba mu bisagara.

Perezida yashikirije ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe bigeramiye ubutunzi hamwe n’imibano y’abanyagihugu.

Iyo myiyerekano yasize amabarabara yo ku murwa mukuru Paris hamwe no mu bisagara bikomakomeye imisaka. Abantu barenga 4,500 barahagaritswe kuva iyo myiyerekano itangura.

Bamwe mu bayitavye hamwe na bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ivyo Macron yavuze ari intambuko ya mbere nziza, ariko bakavuga ko bataranyurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG