Uko wahagera

Ijambo rya Macron Rishobora Guhagarika Imyiyerekano i Paris?


Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron ashikiriza ijambo mu mubonano n'abakuru b'ibisagara mu Bufaransa kuri Elysee Palace, i Paris, italiki 21/11/2018.
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron ashikiriza ijambo mu mubonano n'abakuru b'ibisagara mu Bufaransa kuri Elysee Palace, i Paris, italiki 21/11/2018.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron, kuri uyu wa mbere arashikiriza ijambo ku gihugu ku kibazo c’imyiyerekano imaze igihe ikorwa n’abiswe Gilets Jaune.

Imbere y’iryo jambo ritegekanijwe ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere, Macron ategekanya kuganira n’abakuru b’abari mu myiyerekano, abashingwamanza mu gihugu hamwe n’abarongoye abikorera utwabo mu biganiro bitumbereye guhagarika iyo midugararo izingamitse igihugu.

Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu ejo kuw’Imana yasavye Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump kutivanga muri politike y’Ubufaransa, inyuma y’aho Trump yanditse ubutumwa abicishije ku rubuga Twitter ku musi wa gatandatu ku myiyerekano imaze ikiringo kirenga indwi ibera i Paris.

Umushikiranganji Jean-Yves Le Drian yavuze ko igihugu ciwe kidakeneye politike ya Reta zunze ubumwe z’Amerika kwivanga muy’Ubufaransa.

Mwomenya ko ku musi wa gatandatu Trump yashikirije ko ababajwe n’ivyabaye i Paris. Yongera avuga ko kumbure ari igihe ciza co kurangiza amasezerano y’i Paris ku bidukikije, kubwiwe amafaranga ariko arakoreshwa mu kuyubahiriza akwiye kugarukanwa mu banyagihugu mu kubagabaniriza amatagisi.

Abantu bashika 2,000 ni bo bafashwe ku musi wa gatandatu mu Bufaransa mur’iyo myigaragamvyo ikorwa n’abiyise “Gilets Jaunes”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG