Uko wahagera

Siriya: Ibonogo Vyahambwemwo Abarenga 500 Bishwe na ISIS muri Raqqa


Umurwi w'abariko barazura ibisigarira vy'abanyagihugu bahambwe mu binogo rusangi mu gisagara Raqqa, bishwe n'umuhari w'iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu. italiki 22/11/2018

Ibisigarira vy’abantu barenga 500 vyaratowe mu binogo rusangi mu ndwi iheze muri kimwe muri binini vyahambwemwo abantu benshi mu gisagara Raqqa muri Siriya, cahoze ari umurwa mukuru w’umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu.

Hari umurwi w’abariko barazura ivyo bisigarira mu gisagara Raqqa no mu micungararo yaco kuva ico gisagara cari mu minwe y’umuhari wa reta ya kiyisilamu gifatwa n’inteko zishigikiwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika mu kwezi kwa cumi 2017.

Mu gihe c’ubutegetsi bw’igikenye muri Raqqa, hagati y’imyaka ya 2014 na 2017, umuhari wa reta ya kiyisilamu warishe mu kivunga abanyagihugu batavugarumwe nawo canke batari bashigikiye ivyiyumviro vyawo.

Abahinga muri ako kerere bavuze ko ibindi bisigarira birenga 1500 vyoba bimaze gutorwa, bazize ubwo bwicanyi.

Imihari iharanira agateka ka muntu yasavye ko ivyo bisigarira vyobikwa neza kandi bikazoba ivyemeza ko habaye ivyaha vyo mu ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG