Uko wahagera

RDC: Ebola Yarinjiye mu Gisagara ca Butembo


Umukozi urimo gufasha abantu kurwanya Ebola mu gisagara ca Beni
Umukozi urimo gufasha abantu kurwanya Ebola mu gisagara ca Beni

Ikiza ca Sida muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo catandukiye igisagara ca Butembo gikomeye mu buseruko bw’igihugu. Kirimwo abantu barenga umuliyoni.

Abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu barafise impungenge ko incandago ziriko zigeragezwa zizoba zikwiye mu rugamba rw’ukurwanya ico kidasa n’ikiriko kirarangira.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ry’abagiraneza, “Medecins Sans Frontieres” muri ico gisagara, John Johnson, avuga ko bafise impungenge ku kugene ibintu vyifashe ku bijanye n’ikiza ca Ebola.

Avuga ko abantu bashasha bandura iyo ndwara bariko batera biyongera mu bice vyo ku nkengera z’ico gisagara.

Gushika ubu abantu bamaze kwemezwa ko bafise Ebola muri Kongo ni 423, harimwo 225 bemejwe ko bamaze gupfa.

Iyo abantu 41.000 badacandagwa gushika ubu muri Kongo, abantu baba bamaze kwandura Ebola baba bamaze kurenga ibihumbi 10.000. Ivyo bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG