Uko wahagera

Ikiziga ca George H. W. Bush Cashikanwe muri Texas


Ikiziga c'uwahoze ari perezida w'Amerika George H.W. Bush gishikanwe ku kibuga c'indege i Ellington mu gisagara ca Houston, Texas. Itariki 05/12/2018
Ikiziga c'uwahoze ari perezida w'Amerika George H.W. Bush gishikanwe ku kibuga c'indege i Ellington mu gisagara ca Houston, Texas. Itariki 05/12/2018

Umuhango wo kwibuka George Herbert Walker Bush yitavye Imana ku musi wa gatanu afise imyaka 94 y’amavuko warahuje abaperezida batanu ba Reta zunze ubumwe z’Amerika ejo kuwa gatatu mu nkuka y’imisi yo kwibuka uwabo yabereye muri katedrale i Washington.

Bamwe mu bategetsi b’abanyamahanga bari baje kwifatanya n’Abanyamerika mur’uyo muhango ni umuhungu w’umwami w’Ubwongereza Charles, Umwami wa Yorodaniya Abdullah II n’umwamikazi Rania, Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel, Perezida wa Pologne Andrzej Duda.

Abandi ni abahoze ari abakuru b’ibihugu vya Estonia, Mexique na Portugal, ndetse n’abahoze ari abashikiranganji ba mbere b’Ubwongereza, Canada, Ubuyapani na Koweit.

Ikiziga ciwe caciye kijanwa mu gisagara ca Houston, ahabera iyindi misa kuri uyu wa kane. Mu nyuma ace ashingurwa ahari librairie imwitirirwa, hambavu y’imva y’umutambukanye wiwe, Barbara, yitavye Imana mu ntango z’uyu mwaka, n’umukobwa wabo, Robin, yishwe na kanseri yo mu maraso akiri umwana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG