Uko wahagera

ONU Yagiriza Abasirikare ba Sudani y'Epfo Guhohotera Abakenyezi


Umusirikare wa Sudani y'epfo hamwe n'ikirwanisho gikomeye mu gisagara ca Malakal, mu buraruko bushira ubuseruko bw'umurwa mukuru Juba.
Umusirikare wa Sudani y'epfo hamwe n'ikirwanisho gikomeye mu gisagara ca Malakal, mu buraruko bushira ubuseruko bw'umurwa mukuru Juba.

Umukuru w’umurwi wa ONU muri Sudani y’ubumanuko, yariyamirije amabi afatiye ku gitsina akorerwa abakenyezi n’abakobwa hafi y’igisagara ca Bentiu.

David Shearer, arongoye umurwi wa ONU muri Sudani y’ubumanuko, UNMISS yashikirije ko ibitero ku banyakenyezi badashobora kwivuna bikwiye guhagarara. Avuga kandi ko ayo mabi ku bakenyezi yabereye mu gice kigenzurwa na reta kandi ariyo yar’ijejwe umutekano w’abanyagihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abaganga batagira imbibe, MSF, niryo ryashize ahabona ayo mabi mu ndwi iheze. Ryavuze ko ryavuye abakenyezi n’abakobwa 125 bafashwe ku nguvu, barakubitwa, baborezwa igufa muri komine ya Rubkona muri Sudani y’epfo hagati y’amagenekerezo ya 19 na 29 y’ukwezi kw’icumi na kumwe.

Umuvugizi w’igisirikare ca Sudani y’ubumanuko, Major General Lul Ruai Koang, yarahakanye ivyo vyagiriji ko abasirikare ba reta bafashe ku nguvu abakenyezi ariko yemera ko reta igiye kubitohozako.

ONU yashikirije ejo kuwa gatatu ko abatohoza kw’ihungabanya ry’agateka ka muntu bari mu nzira bagana ico gihugu gutohoza kur’ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG