Uko wahagera

Amerika Yasubukuye Ibiro Bihoraho by'Imigenderanire muri Somaliya


Donald Yamamoto ni we yagizwe Ambasaderi mushasha w'Amerika muri Somaliya.
Donald Yamamoto ni we yagizwe Ambasaderi mushasha w'Amerika muri Somaliya.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zasubiye kwugurura ibiro bihoraho vy’imigenderanire n’igihugu ca Somaliya. Bubaye ubwa mbere ivyo biro vyugururwa muri ico gihugu mu kiringo c’imyaka 27.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwatangaje ko ivyo vyerekana ko Somaliya yagize intambwe zikomeye mu myaka irangiye.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zugaye ambasade yayo muri Somaliya mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’i 1991. Ico gihe Somaliya yari yasenyutse kubera ingwano. John Kerry yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika yatangaje, mu rugendo yagize muri Somaliya mu mwaka w’i 2015, ko igihugu ciwe kizotangura umugambi w’ugusubira gushiraho ibiro bijejwe imigenderanire na Somaliya.

Ambasaderi mushasha wa Amerika, Donald Yamamoto, yashitse mu kibanza kirimwo ibiro bihoraho vy’imigenderanire hagati ya Amerika na Somaliya ku murwa mukuru Mogadisho mu kwezi guheze.

Cyokora, ivyo biro bishasha ntibizaba byitwa ambasade yuzuye, kandi vyitezwe ko bamwe mu badiplomate bazaguma i Nairobi muri Kenya. Amerika yaremeye reta nshasha ya Somaliya mu mwaka wa 2013. Yamara, yari yagumishije ambasade yayo i Nairobi muri Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG