Uko wahagera

Perezida Trump na Kim Bashobora Kuzobonana mu Kwezi Kuza


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, iburyo, na Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru i Singapore, itariki 12/06/2018

Abahinga muri Koreya ya ruguru ntibabona icotuma haba umubonani ugira kabiri hagati ya perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika n’indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un, mu gihe ata ntambwe zatewe ku bijanye no guhagarika porogaramu ya Nikleyeli kuva haheze inama ya mbere yahuje abo bategeti babiri muri Singapore.

Inyuma yo kubonana n’abategetsi ba Koreya y’epfo n’Ubushinwa mu nama y’ibihugu bitunze kurusha ibindi iheruka kubera muri Argentina, Trump yashikirije ko yipfuza uyundi mubonano n’indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un.

Mu nzira atahuka muri Amerika avuye muri iyo nama yabereye i Buenos Aires, Trump yavuze ko inama igira kabiri imuhuza na Kim ishobora kuzoba mu kwezi kwa mbere canke mu kwa kabiri kandi ibibanza bitatu izoberamwo bimaze kuganirwako.

Mu gihe Amerika ivuga ko yama yiteguye kuganira na Koreya ya ruguru, ibihano vyafatiwe ico gihugu bizogumizwaho gushika Koreya ya ruguru iteye intambwe mu gusambura ibirwanisho vya Nikleyeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG