Uko wahagera

Ivyemeza ko aba Rohingya Bakorewe Ihonyabwoko Biriyongera


Inzu yo mu mihana ya Gawdu Zara yaturiwe mu buraruko bwa Myanmar, itariki 07/09/2017.
Inzu yo mu mihana ya Gawdu Zara yaturiwe mu buraruko bwa Myanmar, itariki 07/09/2017.

Ikigo ndangakaranga c’ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi kiri muri Reta zunze ubumwe z’Amerika cashikirije ko gifise ivyemeza ko Abayisilamu bo mu bwoko bw’inkehwa bw’aba Rohingya muri Mynmar bakorewe ihonyabwoko, bagasaba reta y’Amerika hamwe n’izindi reta kw’isi ko igisirikare ca Birimaniya cishura kur’ubwo bwicanyi.

Ibi vyashikirijwe umusi ikigo gikurikirana amategeko na poritike mpuzamakungu Groupe de droit international public et politique, cashinzwe n’ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bw’imigenderanire n’amakungu kwiga kubibera muri Birimaniya gisohoye raporo ivuga ko igisirikare c’ico gihugu cakoze ivyaha bihohotera ikiremwa muntu, ihonyabwoko hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara ku ba Rohingya.

Aya maraporo yiyongereye ku matohoza yakozwe n’abahinga ba ONU, aho mu kwezi kw’umunani basohoye raporo yagiriza igisirikare kuba carakoze ivyaha vy’agahomerabunwa ku ba Rohingya bigamije kw’ihonyabwoko.

Aba Rohingya bashika ibihumbi 700 bahungiye mu buseruko bwa Myanmar kuva mu kwezi kw’umunani 2017, igihe haba ibitero vyagabwe n’aba Rohingya bashaka kwiyonkora ku gihugu, bituma abasirikare baca batangura ubwicanyi kivunga kubasivile b’inzirakarengane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG