Uko wahagera

Umurwi Ushamikiye kuri ISIS Watumye Ambasade ya USA i Kinshasa Yugara


Ikarata ya Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, yerekana umurwa mukuru Kinshasa
Ikarata ya Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, yerekana umurwa mukuru Kinshasa

Umurwi ufise ishami ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu niwo watumye ambasade ya Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Republika iharanira demokarasi ya kongo yugarwa mu kiringo kirenga indwi. Ivyo vyashikirijwe n’umutegetsi w’Amerika abibwiye Ijwi ry’Amerika ejo kuwa mbere.

Uwo mutegetsi atashimye ko izina ryiwe rigaragara, ariko ntiyatomoye ko abari bagamije gukora iryo terabwoba bari abakongomani canke abandi baje baturuka hanze y’igihugu.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwaranse kuvuga kur’iryo terabwoba, buvuga gusa ko ambasade yugawe i Kinshasa ku bwoba bw’igitero c’iterabwoba, ata zindi nsiguro zitanzwe.

Ubutumwa bwashizwe ku rubuga rwa Internet rwa ambasade buvuga ko ibikorwa bisubira gukorwa uko bisanzwe kuri uyu wa kabiri ariko hakakirwa abasavye imibonano gusa.

Ambasade y’Amerika ku murwa mukuru Kinshasa, yugawe kuva kw’igenekerezo rya 26 y’ukwezi kwa cumi na kumwe. Abanyamerika bari bagabishijwe ko badakwiye kwitembereza aho ariho hose.

Republika iharanira demokarasi ya Kongo isigaje ikiringo kiri munsi y’ukwezi ngo yinjire mu matora y’umukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG