Uko wahagera

Umuhango wo Kwunamira Ubwa Nyuma Georges Bush I Washington


Ibendera rya Reta zunze ubumwe z'Amerika rihungabana ku nyubakwa y'inama nshingamateka i Washington.
Ibendera rya Reta zunze ubumwe z'Amerika rihungabana ku nyubakwa y'inama nshingamateka i Washington.

Ikiziga ca George Herbert Walker Bush yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, kuva kuri uyu wa mbere kiza kuba kiri mu nyubakwa y’inama nshingamateka y’Amerika i Washington DC kugira uwo mukuru w’igihugu agira 41 asezerwe ubwa nyuma.

Abategetsi hamwe n’abanyagihugu bipfuza kumwunamira ubwa nyuma bazohabwa ako karyo gushika ku musi wa gatatu. Bush yitabiye Imana muri reta ya Texas, aho yar’asanzwe aba, ku mugoroba wo ku musi wa gatanu afise imyaka 94 y’amavuko, ahitanwe n’indwara.

Bush, yarongoye Amerika ikiringo kimwe gusa, kuva mu mwaka w’1989 gushika mu 1993, ku musi wa gatatu azosomerwa inkuka y’imisa yo kumwibuka muri Cathedral y’i Washington DC, izokurikirwa n’ipfubwa ryiwe ku musi wa kane mw’itongo ryateguwe ahasanzwe hari Librarie imwitirirwa muri Texas.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House vyatangaje ku musi wa gatandatu ko perezida Donald Trump ashobora kuzoja ku maziko yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG