Uko wahagera

Reggae ku Rutonde rw’Ibintu Ndagamico Bikingiwe na ONU


Umuziki wa Reggae wamenyekanye mu makungu kubera abacuraranzi nka Bob Marley, ukomoka muri Jamayike washizwe ku rutonde rw’ibintu ndagamico bikomeye bikingiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ishirahamwe UNESCO rijejwe indero, ubumenyi n’imico rivuga ko umuziki wa Reggae wagize intererano ikomeye mu makungu mu kwugurura amaso ku bibazo bijanye n’akarenganyo n’ukukarwanya, urukundo hamwe n’ubuntu.

Umuziki wa Reggae watanguye mu mpera z’imyaka y’i 1960 ukomotse ku bundi bwoko bw’umuziki wo muri Jamayike bwitwa ska na rocksteady. Uwo muziki warafatiye kandi ku bwoko bw’umuziki wa jazz na blues bwo muri Amerika.

Umuziki wa Reggae warakunzwe cane udatevye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika no mu Bwongereza, aho abantu batari bake baturuka muri Jamayike bikumiye mu myaka yo mu gihe c’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Umuziki wa Reggae kenshi wabonywe nk’umuziki w’abakandamijwe. Amajambo ari muri uwo muziki kenshi avuga ku bibazo bijanye na politike n’imibano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG