Uko wahagera

Ukraine Irasaba OTAN Kuyifasha Kwirinda Uburusiya


Perezida w’igihugu ca Ukraine, Petro Porochenko
Perezida w’igihugu ca Ukraine, Petro Porochenko

Perezida w’igihugu ca Ukraine, Petro Porochenko ariko asaba ibihugu bigize ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry'ibihugu byo mu buraruko bw'ibahari ya Atlantic-OTAN, kurungika ubwato bw’ingwano mw’ibahari ya Azov.

Ivyo mu ntumbero y’ugufasha n’ukwubahiriza umutekano mu gihugu mu gihe hari imishamirano hagati y’igihugu ciwe n’Uburusiya.

Ivyatangajwe na perezida Porochenko vyasohotse mu kinyamakuru co mu gihugu c’Ubudagi, Bild.

Umuvugizi w’ishirahamwe OTAN, Oana Lungescu yishuye ku vyasabwe na perezida Porochenko mu kuvuga ko ishirahamwe OTAN risanzwe rifise inteko zikomeye mu karere k’ibahari yirabura.

Yavuze ko ubwato bw’ishirahamwe OTAN kenshi bugenzura ako karere kandi ko indege z’ibihugu bigize iryo shirahamwe zigira iperereza muri ako karere. Amenyesha ko bazobandanya gukwirikirana uko ibintu vyifashe muri ako karere.

Umukuru w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel yanse kwemera ivyasabwe na perezida Porochenko. Yasavye abategetsi ba Ukraine kuvyifatamwo mu buryo bwitondewe. Ivyo kubera ata nyishu ya gisirikare ishobora gutorwa ku matati hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

Uno musi ku wa kane, prezida w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan yatangaje ko ashobora kuba umuhuza hagati ya Urkaine n’Uburusiya. Yavuganye kw’itelefone n’abategetsi b’ivyo bihugu bibiri.

Amenyesha ko azobandanya kuganira ibibazo biri hagati y’ivyo bihugu bibiri na perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin hamwe na prezida wa Amerika, Donald Trump mu nama y’umurwi w’ibihugu 20 bigizwe n’ibiteye imbere hamwe n’ibiriko biratera imbere bita, G-20 izobera mu gihugu ca Argentine kuva ku musi wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG