Uko wahagera

Abanya Etiyopiya Baba muri Yemeni Baratahukanwa Iwabo


Abimukira b'abanya Etiyopiya ku biro OIM mu gisagara ca Yemeni, Yemeni, itariki 02/01/2017.
Abimukira b'abanya Etiyopiya ku biro OIM mu gisagara ca Yemeni, Yemeni, itariki 02/01/2017.

OIM, Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, ritegekanya gutahukana abanya-Etiyopiya 418 baba muri Yemen bipfuza gutaha ku bugombe bwabo. Indege zayo zashikanye aba mbere Addis-Abeba kuwa mbere. Igikorwa kirangira kuri uyu wa kane.

Intambara n’ubukene muri Yemeni ntibibuza abanyagihugu bo mu karere k’Ihembe ry’Afrika guhungirayo. Baba bagiye kurondera akazi n’ubuzima bwiza.

Mu mwaka uheze, ibihumbi ijana bagiyeyo. OIM itegekanya ko abandi ibihumbi 150 bazoba bamaze kujayo muri uyu mwaka.

Kiretse abanya-Etiopiya, abandi bajayo ni Abasomaliya n’abanya-Eritrea.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG