Uko wahagera

Igitero c'Indege y'Amerika Cishe aba Al Shabab 3 muri Somaliya


Abasirikare ba Al Shabab muri Somaliya
Abasirikare ba Al Shabab muri Somaliya

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika caragavye igitero c’indege muri Somaliya, cica abarwanyi batatu b’umuhari w’iterabwoba al-Shabab, nkuko amakuru ava mu burongozi bw’igisirikare c’Amerika ku mugabane wa Afrika (AFRICOM) abivuga.

Iki gitero gishasha cabereye ahitwa Qay Ad, hafi ya Dabad Shil, mu ntara ya Mudug, ku musi wa kabiri. Igisirikare c’Amerika carakoze ibitero muri iyo ntara nyene ku magenekerezo ya 19 na 20 y’ukwezi kwa cumi na kumwe, vyahitanye abarwanyi 50 ba al-Shabab.

Ababibonye, babwiye Ijwi ry’Amerika ko iki gitero gishasha cari gitumbereye imodoka za al-Shabab. Bavuga kandi ko izo modoka zari iz’umukomanda wa al-Shabab azwi kw’izina rya Abdishakur Mohamed Mire. Ariko nta cemeza ko yoba yari muri umwe muri yo.

Abasirikare b’Amerika ku mugabane wa Afrika bavuze ko ico gitero co ku musi wa kabiri ata munyagihugu cakomerekeje canke ngo cice.

Iki gitero cashikanye ibitero 36 abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bamaze gukora muri Somaliya muri uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG