Uko wahagera

Isirayeli na Cadi Bizunga Imigenderanire


Idriss Deby na Benjamin Netanyahu i Yeruzalemu muri Isirayeli
Idriss Deby na Benjamin Netanyahu i Yeruzalemu muri Isirayeli

Igihugu ca Isirayeli uyu musi ku wa kabiri catangaje ko gisubiye kwunga imigenderanire n’igihugu ca Cadi, yari yahagaze mu mwaka w’1972.

Iyo nkuru itangajwe inyuma y’aho Prezida wa Cadi, Idriss Deby, akoreye urugendo rw’imisi ibiri rutari rwitezwe i Yeruzalemu muri iyi ndwi.

Cadi kigwiriyemwo abayisilamu benshi kandi ibihugu vyinshi vy’abayislamu ntibifise imigenderanire na Israyeli.

Ibihugu bitari bike vyo muri Afrika ntivyashatse kugira imigenderanire na Isirayeli kuva aho cigaruriye intara zo muri Palestine mu mwaka w’1967. Yamara reta ya Netanyahu irabandanya kunagura imigenderanire n’ibihugu vyo muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG