Uko wahagera

Reta ya Zimbabwe Yagirizwa Ubwicanyi Bwo muri Matabeleland


Ibisigarira vy'abishwe n'abasirikare ba reta mu ntara ya Matabeleland muri Zimbabwe
Ibisigarira vy'abishwe n'abasirikare ba reta mu ntara ya Matabeleland muri Zimbabwe

Muri Zimbabwe, reta isabwa gutanga indishi y’akababaro no gusaba imbabazi ku bwicanyi kivunga bwabaye mu myaka y’1980 aho abanyagihugu ibihumbi bo mu bwoko bw’inkehwa bw’aba Ndebele bagandagurwa.

Imihari iharanira agateka ka muntu ishikiriza ko mu ntara ya Matabeleland, abanyagihugu barenga ibihumbi 20 bishwe n’abasirikare bari bahawe imyimenyerezo na Koreya ya ruguru hagati y’imyaka y’1980.

Umukuru wa komisiyo y’agateka ka zina muntu muri Zimbabwe, Elasto Mugwadi, avuga ko ubwo bwicanyi bwabereye i Gukurahundi kwabaye uguhungabanya agateka ka muntu

Perezida Emmerson Mnangagwa co kimwe n’uwo yasubiriye ku butegetsi, Robert Mugabe, yaranse gusaba imbabazi ariko avuga ko azokwemera ibizoshikirizwa n’umurwi w’igihugu w’amahoro no kunywanisha abanyagihugu, avuga ko vuba ugiye kubaza abanyagihugu ico bavuga kuri ubwo bwicanyi.

Aya makuru radiyo yanyu iyakesha Columbus Mavhunga, umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Bulawayo, mu gisagara kigira kabiri muri Zimbabwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG