Uko wahagera

RDC Yagiriza Amerika Gutera Icuka c'Ubwoba mu Gihugu


Umuvugizi wa reta ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo Lambert Mende avuga kw'igenwa rya Emmanuel Ramazani Shadary ngo azoserukire umugambwe uri ku butegetsi mu matora. Kinshasa, itarliki 08/08/2018.
Umuvugizi wa reta ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo Lambert Mende avuga kw'igenwa rya Emmanuel Ramazani Shadary ngo azoserukire umugambwe uri ku butegetsi mu matora. Kinshasa, itarliki 08/08/2018.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zarugaye ambasade yayo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ku mvo z’ico yise amakuru yo kwizigirwa yemeza ko ishobora guterwa n’igitero c’iterabwoba.

Ambasade y’i Kinshasa izoguma yugaye gushika n’iburi buri kuri uyu wa kabiri, kandi abanyamerika bose bari muri Kongo basabwa cane kwiyubara.

Reta ya Kongo yagiriza Reta zunze ubumwe z’Amerika guteza icuka c’ubwoba mu banyagihugu mu kwugara ambasade yayo.

Ivuga kandi ko Washington hamwe n’abandi bankiwe kugira uruhara mw’itunganwa ry’amatora bariko baragerageza gusamaza abazotora, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Abategetsi ariko ntibavuga ico biyumvira ku nyungu abo yagiriza boba barondera mu gusamaza abanyagihugu. Ariko bavuga ko indorerezi z’amatora z’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya hamwe n’ikigo citiriwe Carter muri Amerika batatumiwe gukurikirana ayo matora, hatumiwe ibihugu vyo muri Afrika gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG