Uko wahagera

Uganda: Abantu 31 Barapfuye Inyuma y'Ubwato Bwibiye muri Victoria


Abatabara bakoraniye ku nkengera z'ikiyaga Victoria bariko barondera ibiziga vy'abantu bari mu bwato bwibiye. Distrike ya Mukono, Uganda, itariki 25/11/2018.
Abatabara bakoraniye ku nkengera z'ikiyaga Victoria bariko barondera ibiziga vy'abantu bari mu bwato bwibiye. Distrike ya Mukono, Uganda, itariki 25/11/2018.

Abahinga mu kwibira mu mazi baratoye ibiziga 31 vy’abantu mu kiyaga Victoria inyuma y’aho ubwato barimwo bagiye kwinezereza bwibiye muri kimwe mw’isanganya ryo mu mazi ryahitanye abantu benshi.

Ibitigiri vy’abapfuye bishobora kwiyongera. Ubwo bwato buvugwa ko bwari butwaye abantu barenga 100, bari biyongereye incuro zibiri ku bo bwari bwemerewe gutwara, igihe bwihindukiza buribira mu kiyaga mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu.

Perezida wa Uganda Yoweri Museveni yashikirije abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko yategetse ko ubwato bwose mur’ico gihugu bwokwandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none kandi bukagenzurwa ku buryo igihe cose bumenyekana amazi burimwo n’igituma buhari.

Museveni avuga kandi ko bene ubwo bwato bazohanwa kubwo kwanjanjwa ku buzima bw’abantu. Ariko igiporisi cashikirije ko bene ubwo bwato, umugabo n’umugore wiwe hamwe n’umudereva wabwo, bose bapfiriye muri iryo sanganya.

Amasanganya y’ubwato arakunze kuba mu kiyaga Victoria, gikikujwe n’ibihugu vya Tanzaniya, Kenya na Uganda.

Abantu barenga 200 barapfuye mu bwato bwibiye muri Tanzaniya mu kwezi kw’icenda. Na bwo bwavugwa ko bwari butwaye ingenzi zirenze urugero.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG