Uko wahagera

Amerika Yugaye Urubibe na Mexique


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika bagenzura imbibe ku rubibe na San Diego na Mexike.
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika bagenzura imbibe ku rubibe na San Diego na Mexike.

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika barahagaritse uruja n’uruza rw’abantu ku rubibe hagati ya San Diego muri Reta zunze ubumwe z’Amerika na Tijuana, muri Mexique inyuma y’aho abimukira bageragereje kwinjira ku nguvu muri Amerika ejo kuw’Imana.

Abagabo barenga 500, abagore hamwe n’abana barabomoye ku nguvu uruhome rw’abaporisi ba Mexique, bituma abasirikare ba Amerika ku rundi ruhande barasa ivyuka bikoroza amosozi, mu gihe kajugujugu z’Amerika nazo zariko zirakizura ikirere.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ryashikirije ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Mexique yavuze ko igihugu ciwe kizosubiza mu bihugu baje bavamwo.abo bimukira 500 bashatse gukoresha inguvu.

Ayo makuru avuga kandi ko Mexique kidategekanya kurungika abasirikare guhangana n’abo bimukira.

Abimukira bashika 5,000 bava muri Amerika yo hagati, benshi muri bo bahunga ubukene hamwe n’ubwicanyi mu bihugu vyabo, bashitse mu gisagara ca Tijuana, gihana urubibe n’ubumanuko bwa reta ya California. Ni inyuma y’urugendo rurerure bakoze baciye muri Mexique

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG