Uko wahagera

Uburusiya Bagirizwa Kurasa Ubwato bwa Ukraine


Indege z'Uburusiya ziguruka hejuru y'ubwato mu mazi agabura Uburusiya n'izinga rya Crimea mw'ibahari rya Azov, Itariki 25/11/2018.

Uburusiya bwararashe ubwato bubiri bwa Ukraine bwongera butembagaza ubugira gatatu mw’ibahari yirabura ejo kuw’Imana, bwagiriza Abanya Ukraine kwinjira mu mazi yabo batabimenyeshejwe.

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko batandatu bari muri ubwo bwato bakomeretse kandi barahakana ko ata kibi bakoze, bagiriza Uburusiya agasomborotso.

Uko gushamirana kwatanguye igihe ubwato bwa Ukraine bukwega ubundi bwari buherekeje ubundi bwato bubiri bw’intambara buva ahitwa Odessa, mw’ibahari yirabura, buciye ahitwa Kerch Strait ku kivuko ca Mariupol, mw’ibahari ya Azov.

Perezida wa Ukraine Petro Poroshenko yaciye atumako inama yihutirwa y’abashikiranganji biwe bajejwe ivy’intambara mw’ijoro ryo kuw’Imana.

Nawe Nikki Haley, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU, yashikirije mu butumwa bwa Twitter ko inama y'akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw'isi yatumweko vyihutirwa kuri uyu wa mbere.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG