Uko wahagera

Amahoro Muri za Kivu mu byo Tshisekedi Azaharanira


Félix Tshiekedi, umwe mu baziyamamariza umwanya w'umukuru w'igihugu muri Kongo
Félix Tshiekedi, umwe mu baziyamamariza umwanya w'umukuru w'igihugu muri Kongo

Urunani rushasha rw'imigambwe ya UDPS na UNC muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ruvuga ko ruramutse rutsinze amatora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kuza ruzokwihutira gukemura ikibazo c'imihari y'inyeshamba iri mu buseruko bw'ico gihugu.

Kuri uyu wa gatanu abakuru b'iyo migambwe bahejeje kwiyunga i Nairobi muri Kenya, bahaye ikiganiro kigufi Ijwi ry'Amerika.

Bemeza ko Leta yabo mu gihe bogira amahirwe yo gutorwa izokorana n'ibindi bihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini bifise abavukagihugu bafise imigwi igwana ku butaka bwa Kongo bongere bashinge umugwi w'inteko ata kindi zijejwe atari ukuyituza.

Imigambwe UNC na UPDS irongowe na Vital Kamerhe na Felix Tshisekedi yemeje ko izotanga bwana Tshisekedi nk'umu kandida wayo n'abandi bayishigikiye mu matora yo mu kwezi kwa 12.

Mu kiganiro n’Ijwi ry’Amerika bagarutse cane ku ngorane zihanze igihugu cabo bakagereranya abakongomani n’abantu bari mu buja.

Kugira babuvemwo Kamerhe abahamagarira gushigikira urunani rwabo.

“Tuzoshira iherezo ku bubegito bwose dutware Kongo mu budasa. Ntituri murabo bavuga ngo turoye ku butegetsi none nitwe turamukiwe kurya no gusahura amafaranga ya Leta. Twarabigwanije kandi tuzoba intangarugero. Nico gituma nsaba bene wacu b’abakongomani muri rusangi n’abo mu buseruko ivy’umwihariko kunshigikira muri iyi ngingo.”

Ubwo buseruko bwa Kongo Tshisekedi yemeza ko abufitiye imigambi ikomeye na cane cane gutuza imigwi y’inyeshamba ihari mu gihe kirekire. “Ubwa mbere na mbere n’uguca ku bantu bahaba, amoko ahatuye, n’ukuraba abatware tukavugana tukabashira hamwe nabo bakegeranya amoko yabo.”

Ikindi naco Tshisekedi avuga ko ar’ukugarukana ububasha bwa Leta mu duce twose tw’igihugu.

“Uyu musi inzego z’umutekano za Kongo ziri mubatera umutekano muke muri ako karere. Dutegerezwa rero kubahemba neza, kubafata neza kugira bakorere abanyagihugu uko bikwiriye.”

Ubuseruko bwa Kongo ni kamwe mu turere two muri Afrika yo hagati turimwo imitwe myinshi y’inyeshamba.

Ako karere karimwo imigwi y’abagwanyi y’abaganda, abarundi hamwe n’abanyarwanda I ruhande y’iyindi mihari y’inyeshamba z’abakongomani itari mike.

Amatohoza ya ONU yerekana ko kimwe mu bituma iyo migwi ihagwirirana ari ubutunzi bw’ubutare butandukanye buharangwa.

Eloge Willy Kaneza, Nairobi, Ijwi ry’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG