Uko wahagera

USA Iratera Intege RDC mu Matora Yimirije


Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Mike Pompeo, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, DC. Itariki 20/11/2018
Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Mike Pompeo, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, DC. Itariki 20/11/2018

Reta zunze ubumwe z’Amerika zisaba amatora atunganijwe mu mahoro kandi yizewe na bose muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, mu gihe ukwiyamamaza mu matora yo mu kwezi kuza gutangura kuri uyu wa gatanu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika Heather Nauert yavuze ko amatora yo kuwa 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri azoha Kongo akaryo keza ko kuzohanahana ubutegetsi mu mahoro no muri demokarasi.

Yashikirije kandi ko amatora yizigiwe na bose azofasha kugabanya amakuba y’intambara abanyagihugu barimwo, ahamagare abashinga imitaho mu gihugu, kandi ashikane ico gihugu co muri Afrika yo hagati mu mahoro.

Amatora y’umukuru w’igihugu yari kuba mu mwaka w’2016, ariko yigizwa inyuma, inyuma y’aho perezida Joseph Kabila yankiye kuva ku butegetsi manda ziwe zirangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG