Uko wahagera

Didier Drogba Yahagaritse Gukina Umupira w'Amaguru


Drogba i Montreal muri Canada

Umukinyi yamamaye cane mu mupira w'amaguru yamuka muri Kote d’Ivuware, yakinira umurwi Chelsea wo mu bwongereza, Didier Drogba yamenyesheje ejo kuwa gatatu ko ahagaritse gukina, inyuma y’imyaka 20 muri uyo mwuga.

Uwo mukinyi w’imyaka 40 yatsinze ibitsindo 164 mu ncuro 381 yakiniye umurwi Chelsea, atsindira ibikombe bine vya Premier League, bine vya UFA hamwe n’igikombe ca Champions League muri 2012, mu gihe yatsindiye umurwi w’igihugu ciwe c’amavuko Kote d’Ivuware ibitsindo 65.

Drogba yakinye mu mirwi y’umupira w’amaguru mu bihugu bitandatu, aho yamamariye cane ni mu Bufaransa no mu Bwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG