Uko wahagera

Trump Arashimira Arabiya Sawudite Cagumije Hasi Ibiciro vy'Igitoro


Umwami wa Arabiya Sawudite, Salman ashikiriza ijambo ry'umwaka i Riyad, Arabiya Sawudite itariki 19/11/2018
Umwami wa Arabiya Sawudite, Salman ashikiriza ijambo ry'umwaka i Riyad, Arabiya Sawudite itariki 19/11/2018

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, uyu musi ku wa gatatu yashimiye igihugu ca Arabiya Sawudite ko cagumije hasi ibiciro vya risansi. Ni umusi umwe inyuma y’aho atangarije ko reta yiwe itazoheba ico gihugu, naho gifise uruhara mw’igandagurwa ry’umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi w’umunya-Arabiya Sawudite yaba muri Amerika.

Trump yashimagije igihugu ca Arabiya Sawudite kiza ubugira kabiri inyuma ya Amerika mu guhingura ibitoro. Yamara ni co gishora ibitoro vyinshi kw’isi. Yavuze ko kubona ico gihugu carashoye ibitoro vyinshi ku masoko vyatumye igiciro cavyo kiguma kiri hasi.

Imbere y’uko ava ku ngoro iwe i Washington DC, agiye muri reta ya Frorida mu guhimbaza umusi mukuru wo gushima, bita “Thanksgiving”, Prezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko umutekano wa Amerika hamwe n’ubutunzi bwayo, ari vyo biza imbere y’umwitwariko w’agateka ka zina muntu.

Yavuze ko gucira ivomo igihugu ca Arabiya Sawudite, kubera igandagurwa ry’umumenyeshakuru Jamal Khashoggi, vyoba ari ingingo mbi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG